Abasirikare b’Urwanda bafise inkoho binjiye ku butaka bw’Uburundi

0

Abasirikare bagera kuri 40 bitwaje inkoho, bari kumwe n’abanyagihugu bo mu gihugu c’Urwanda, binjiye mu Burundi kuri uwu wa kabiri, ku musozi witwa Sabanegwa uri mu ntara ya Ngozi, komine Mwumba, ahasanzwe havuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Abo banyagihugu bari kumwe n’abasirikare b’Urwanda basize basambuye inzu y’umuryango w’Abarundi baba kuri uwo musozi bariko bubaka iyo nzu. Abajejwe intwaro muri iyo ntara bavuga ko ivyo vyakozwe ari ugusotora Abarundi.

rdf

Buramatari wa Ngozi Albert NDUWIMANA avuga ko uwo musozi uri ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, abo basirikare hamwe n’abanyagihugu bakaba bashitse kuri uwo musozi nk’igihe c’isaha c’isaha zine z’umurango, bahamara nk’igihe c’isaha.

Buramatari wa Ngozi amenyesha ko abo banyagihugu n’abasirikare bagiye batwaye ibiti vyari bisakaye iyo nzu, hamwe n’ibiharage vy’abo banyagihugu. Abajejwe mu ntara ya Ngozi bamenyesha ko ako ari agasomborotso kuko bitumvikana ingene abasirikare b’ikindi gihugu bovogera Uburundi, kandi uwo musozi usanzwe uri ku ruhande rw’Uburundi.

Ntiturashobora kuronka igisirikare c’Urwanda hamwe n’abajejwe intwaro muri ico gihugu kugira bagire ico babivugako.