Abasirikare b’Uburundi ntibarekuriwe kuja mu karuhuko kuva kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2016

0

Kuva kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2016, nta musirikare n’umwe w’Uburundi arekuriwe kuja mu karuhuko (Congé), mu gisirikare c’Uburundi bagasigura ko iyo ngingo yafashwe kubera hari igikorwa c’ukwandika abasirikare hakoreshejwe ubuhinga bwa none cimirije.

Colonel Gaspard BARATUZA umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko muri ico gikorwa, bizokenerwa ko abasirikare bose bafatwa amafoto, arico gituma basabwa bose kuguma hafi.

are

Nk’uko bishikirizwa n’uwo avugira igisirikare, ico gikorwa kijanye n’ukudondora neza abasirikare, kuko kuva ico gisirikare gicanzwe mu mwaka w’2005, abasirikare bahawe inomero z’akazi gusa (Matricule), ariko bakaba batatanze ibibaranga biriko ifoto.

Mu gihe ingingo y’ukutaja mu karuhuko ku basirikare yahora ifatwa iyo igihugu kiri mu bihe bitoroshe, Colonel Gaspard BARATUZA arahumuriza abanyagihugu, akavuga ko ari igikorwa c’akazi ka gisirikare, akamenyesha kandi ko ikiringo ico gikorwa kizomara kitaramenyekana.