UBM News ads

Abasirikare bamwe bamwe bariyamiriza aka mwana wa mama kaba mu kubarungika muri Somalia

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasirikare bamwe bamwe bariyamiriza aka mwana wa mama kaba mu kubarungika muri Somalia  muri wa mugambi wa ONU wo kugarukana amahoro.

Bamwe bamwe mu basirikare barabona ko ataho bari bwiture kubera ukwo kurobanura abasirikare bamwe bakirengagiza abandi ataho bobihera.

Bamwe babwiye Iradiyo imwe ko babona ko gutanga igiturire kugira uje ku rutonde rw’abarungikwa muri Somalia ari igisabwa kugira ushirwe ku rutonde rw’abaja muri Somalia.

Abo basirikare bakaba bavuga ko ataho bari bushike kubera ko abakira ivyo biturie bari mu nzego zo hejuru mu gisirikare.

Bakavuga ko bituye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ariko ko ataco vyavuyemwo.

Abo basirikare baja mu gihugu ca Somalia kugarukana amahora mu kurwanya wa muhari w’intagondwa wa Al Shabaab bararonka umushahara urenga gato 1200 USD( nk’imilyoni zirenga zitatu mu marundi) ku kwezi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments