UBM News ads

Ubumwe bwa Afrika buriyamiriza ihirikwa ry’ubutegesti muri Mali

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ihirikwa ryubutegesti mu gihugu ca Mali riramaze imisi itatu ribaye aho umukuru w’ico gihugu Ibrahim Boubacar Keïta  afungiwe mw’ikambi y’igisirikare akaba afunganywe n’umushikiranganji wa mbere wiwe Boubu Sise. Umusirikare w’ipete rya Colonel yitwa Assimi Goita akaba ariwe avuga ko yahiritse ubutegsti kuva ku mus iwa gatatu itariki 19 z’ukwezi kwa munani.

Perezida Ibrahim Boubacar Keita akaba yariyemereye ko avuye kubutegetsi kugira amaraso ntaseseke. Ivyo bibaye haheruka kuba imyiyerekano yabatavuga rumwe n’ubutegesti bwiwe.

Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wariko urahuza impande zitumvikana ukaba waciye utera ivyatsi iyo ngendo. Benshi nabo ku mbuga ngurukana bumenyi bakaguma bibaza ko umuhuza Pierre Buyoya yoba ari inyuma yiryo hirikwa ry’ubutegetsi nkuko amahirikwa y’ubutegesti yabaye m’Uburundi ashika atatu ariho ari agaba ingabo m’Uburundi.

Kw’iradiyo RFI Pierre Buyoya akaba yari yashikirije ko ihirikwa ry’ubutegetsi rimota, ubu naho akaba yamenyesheje ko ari mu manama y’Umuryango w’ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika kugira barabe ingene bintu vyosubira m’uburyo. Abasirikare bahiritse ubutegesti bakamenyesha ko bagiye gushinga leta y’imfata kibanza mu kurindira ko ubutegesti busubizwa abanyagihugu canke abenegihugu batari abasirikare.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments