Abaserukira ibihugu vyabo m’Uburundi basaba abanyepolitique  gushira imbere umwumvikano

0

Mw’itangazo ibihugu birenga 17 bifise ubuserukizi m’Uburundi vyarasohoye itangazo kur’uyu wagatatu inyuma yaho umurwi CENI utangarije ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama ba komine yabaye itariki 20 rusama 2020. Ivyo bihugu bikavuga ko vyakiriye ibivuye mu matora uko vyagenze. Ivyo bihugu bikavuga ko vyashimishijwe nuko abarundi isinzi bitabiriye ayo matora.

Ivyo bihugu harimwo n’ivyarutura n’amashirahamwe mpuzamakungu barasaba abanyepolitike ko boshira imbere umwumvikano bitabaye uko bakitura inzego zibishinzwe. Mur’iryo tangazo ivyo bihugu birasaba abanyepolitique gukurikiza impanuro z’Ubumwe bw’Afrika n’ishirahamwe ONU mu kwirinda gutera umudugararo mu gihugu mugishira imbere imibonano y’umwumvikano.

Mukurangiza ivyo bihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu biremeza ko bizoguma bishigikira uburundi mu migambi y’iterambere yashizwe imbere n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.