Rwasa avuga ko azokwitura Sentare ya EAC vyanse mu Burundi

0

Umushingamateka akongera akaba umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, avuga ko azokwitura Sentare ya Afrika y’Ubuseruko, EAC, mu gihe Sentare yuhabihiriza ibwirizwa shingiro itokwumva ivyo avuga.

Ejo ku musi wa kane niho Rwasa Agathon yashikiriza ibirego vyiwe muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro mu Burundi ku bijanye n’uko amatora yo ku wa 20 Rusama yibwe izuba riva.

Ahejeje gushikiriza ivyo birego, Rwasa Agathon avuga ko yizeye ko Sentare y’i Burundi izokwumviriza ibirego vyiwe avuga yegeranije mu bibanza vy’itora vyerekana ko amatora yibwe.

Vyanse aha mu Burundi, Rwasa Agathon ntiyatevye kuvuga ko azoca yitura Sentare ya EAC igizwe n’ibihugu bitandatu kugira bimutunganirize.

Sentare ya EAC irashobora kwemeza ko amatora yabaye mu muco canke yabayemwo ubusuma maze amatora agasubirwamwo.

Ivyo biri uko mu gihe abasenyeri ba katolika bashize ahabona ivyegeranyo vyayo maze bamenyesha ko amatora yo ku wa 20 Rusama 2020 yabayemwo utunenge twinshi cane gose.