Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020

0

Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.

CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi.

CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

“Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje.

Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.

Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara.

Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye.

Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?