#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus

0

Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus.

Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.

Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona.

Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi.

https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20

Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye.

Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa.

Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.