Umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi Gervais Ndirakobuca asaba abajejwe intwaro kuvyaza umusaruro igihugu kibanyi ca Kongo.agira ati :«nta ngorane nimwe abarundi twari dukwiye kugira turi iruhande y’igihugu nka Kongo».Gervais Ndirakobuca avuga ko aba kongomani binjira mu Burundi barenga ibihumbi 300 baciye ku mupaka wa Gatumba mu gihe umu kongomani umwe yokwinjiza idolari 10, imiti ikwiye abarundi bose yoboneka.ibi yabitangaje ku musi w’ejo mu ruganda rwo guhahana ivyiyumviro ku rudandanzwa njabukamazi hagati y’igihugu ca RDC n’uburundi.
Ku musi w’ejo igenekerezo rya 9 myandagaro 2024 ubushikiranganji bw’ubudandanji bwaratunganije uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ngingo zofatwa kugira urudandazwa njabukamazi hagati y’uburundi na Kongo ruterimbere.iyo nama ikaba yuguruwe n’umushikiranganji wa mbere Gervais ndirakobuca.

Muri iyo nama,umushikiranganji wa mbere yatatunze urutoki igipolisi c’uburundi kuba kiri inyuma y’ubusuma n’ibiturire bikorerwa aba kongomani binjira mu Burundi bakoresheje umupaka wa Gatumba.
Kubwa Gervais Ndirakobuca avuga ko abarundi ata ngorane bari bakwiye kugira kandi begeranye n’igihugu kibanyi ca Kongo kubw’ivyo abajejwe intwaro bakwiye kuvyaza umusaruro igihugu ca Kongo.agira ati:«Abarundi nta ngorane nimwe twari dukwiye kugira twegereye igihugu kibanyi ca Kongo».
Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca avuga ko aba kongomani binjira baciye ku mupaka wa gatumba barenga ibihumbi 300.mu gihe umu kongomani umwe umwe yokwinjirana idolari 10 abarundi boshobora kuronka imiti ibakwiye bose.





Recent Comments