Abarundi Benshi Baritezwe Guhunguka, Ariko Abandi Bakagira Amakenga.

0

Inyuma y’inama nyabutatu hagati ya Tanzania, Uburundi na HCR, hashitsweko ko impunzi nyinshi z’abarundi zishika ibihumbi 72 000 ko arizo zitezwe guhunguka zivuye mu makambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya kuva igenekerezo rya 5 Ndamukiza umwaka wa 2018 gushika igenekerezo rya 31 Kigarama 2018.

Muriyo nama nyabutatu igira Reta y’Uburundi yaserukiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,Pascal BARANDAGIYE,Reta ya Tanzaniya iserukirwa n’umuserukizi wayo mu Burundi Rajabu Hassa GAMAHA, ishirahamwe HCR naryo riserukirwa na Gogo HUKPORTIE ahagarariye iryo shirahamwe mu gihugu c’Uburundi.

Bitegekanijwe ko impunzi zingana 19.148 arizo zimaze kwiyandikisha kugira zitahuke.Bimwe mu bitegekanijwe kugira ico gikorwa kizogende neza n’ibijanye no gufasha abazoba bahungutse gusubira mu vyabo hamwe no kubaha imfashanyo y’imfungurwa y’amezi 3.

Ariko rero naho Leta ya Tanzaniya n’iy’Uburundi zivuga ko impunzi zohunguka kubera ko umutekano ukwiye mu gihugu c’Uburundi, Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR ntirarabona neza ko impunzi zohimirizwa zigahunguka kuko ribona neza ko amahoro n’umutekano birama bitaraboneka mu Burundi. Ayo ma leta nayo aca yagiriza HCR ko idashaka ko impunzi zihungurwa.

Impunzi zimwe zimwe ziba mu makambi y’impunzi twaganiriye zimenyesha nyabuna ko zitewe impungenge n’ayo manama hagati ya HCR, Uburundi na Tanzania ko ari ugushaka ku bahungura ku nguvu. Bo bagasaba nyabuna ko hohungurwa abashatse.

Uko vyogenda kwose, turasavye ntihazosubire guhungura ku nguvu impunzi z’abarundi nk’uko vyabaye i Mtabila mu mwaka wa 2012 ku mpuzi z’abarundi zishika 35 000 bahunguwe ku nguvu bongera barahatakariza utwabo, na bamwe bivugwa ko bahasize ubuzima, niko impunzi imwe itashatse ko izina ryiwe rimenyekana yavuze.