Umutekano W’igihugu Ugiye Gucungerwa Cane Kubera Ibitero Vya Ba Gatera-Bwoba.

0

Mw’itangazo ryasomwe n’Inama Nkuru y’umutekano w’igihugu ejo ku musi wa gatatu, harasohowe akamo ko gutanguza isekeza ryo gukorana neza mu nzego z’umutekanao mu kurwanya iterabwoba hamwe n’ubundi bwoko bw’iterabwoba bushingiye ku kwemera gukaze kw’idini ya Islamu,niko Silas Ntigurirwa yamenyesheje kw’iradio Nkuru y’igihugu.

“Twarateguye isekeza ryokwishikira kuraba izego zose zijejwe umutekano kugira bame biteguye kurwanya iterabwoba”, niko Ntigurirwa amenyesha.

Ku bijanye n’amakuru agize imisi avugwa ko hoba ahari imirwi y’abarwanyi b’abarundi bashobora gutera Uburundi umwanya n’umwanya, Ntigurirwa yamenyesheje ati: “Mwarumvise ko mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrwasi ya Kongo ko habaye umurwi wa bagaterabwoba bavuga ko bashaka gukinga inyungu za Islam. Ni muri iyo ntumbero nyene twaciye dutangura gukora isekeza ryo gucungera umutekano duhereye mu ntara ya Cibitoki“.

Intara ya Cibitoki ikaba yama ivugwa ko yiganziwemwo n’imirwi irwana, imwe ikavuga ko irwanya leta ya Kongo, iyindi ikavuga ko irwanya Leta y’Uburundi. Ntigurirwa akaba yerekanye ko inyuma ya Cibitoki, isekeza rizobandaniriza mu zindi ntara zihana urubibe n’ibindi bihugu nk’Urwanda na Tanzaniya, hama intara zo hagati mu gihugu zishikirwe mw’iryo sekeza.