Ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Heroine vyarafashwe n’igipolisi.

0

Ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Heroine vyarafashwe n’igipolisi c’Uburundi ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura.

Ivyo biyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Heroine bikaba vyashika ibilo bitatu( bifise agaciro kamafaranga ashika hafi 400 000$, nk’amarundi arenga umuliyaridi).

Ivyo biyayuramutwe bikaba vyafatanywe abanyamahanga babiri ku wa 20 Ntwarante 2019, umwe wo mu gihugu ca Bresil, hamwe n’uwundi wo muri Lethonie.

Abarundi babiri bandi bafadikanije nabo banyamahanga aribo Nahimana Juma na Ndayisenga Radjabu nabo barafashwe bagirizwa gufashanya n’abanyamahanga muri urwo rudandazwa rutemewe.