Burambi: Igitero cahitanye batatu harimwo umukuru w’imbonerakure

0

Mw’ijoro ryo ku musi wa mungu ushira uwa mbere mu ntara ya Rumonge muri Komine Burambi, harabaye igitero cahitanye abantu batatu.

Ico gitero cabaye mu masaha yijoro bivugwa na Anadolou Agency ko cahitanye abantu batatu bo mu muryango umwe maze umukuru w’umuryango akaba ari  yari asanzwe ari umukuru w’imbonerakure muri iyo Komine.

Nk’uko ico kinyamakuru kibishira ahabona, abo bakoze ico gitero barishe bongera barakomeretsa umwe yari hafi yahabereye igitero.

Anadolou Agency ivuga kandi ko abo bateye basize ama tracts yo kugabisha imbonerakure zose ko zizokwibonerako.

Ibitero muri iyi misi mu ntara za Bujumbura, Bururi na Rumonge biriraye cane, ariko ubutegetsi akaba ata tangazo burasohora kuri ivyo bitero.

Ibi bitero bikaba biriko bituma abatari bake bagira ubwoba ko mu Burundi hashobora kwaduka iyindi ntambara y, abanyagihugu(guerre civile).