NEWS

Uburundi si isengero aho haza uwariwe wese kwirega hama akagenda’, Pierre Nkurikiye

on

Ubushikiranganji bw’umutekano bwakuriye inkoni ku gishitsi abo bose boba baba mu Burundi mu buryo budahuje n’amategeko ko bagiye kwirukanwa.

Pierre Nkurikiye yabimenyesheje ejo aho yariko asigura ku bakongomani bashika ku 200 bamaze kwirukanwa mu Burundi kubera bahaba mu buryo budaciye mu matageko.

Abeshi muri abo bakongomani bakaba abari abanyeshure biga mu makaminuza yo mu Burundi y’abigenga.

Pierre Nkurikiye yavuze ko abo bakongomani bahabaye mu buryo bunyuranye n’amategeko.

Urupapuro CEPGL bavuga ko bafise rubaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi amezi atarenga atatu“, niko Pierre Nkurikiye yamenyesheje.

Abajijwe n’abanyeshure nimba leta y’Uburundi yoreka abanyeshure bariko biga mu Burundi bakarangiza ivyigwa vyabo, Pierre Nkurikiye yishuye ko rutitaha mu Burundi.

Uburundi si isengero aho haza uwariwe wese kwirega nko kwa Patiri hama akagenda“, niko Nkurikiye yavuze.

Nkurikiye kandi yaragarutse ku Barundi baheruka kwirukanwa muri Tanzania(nka 20), Zambia(45) mbere na Kongo(2) kubera bari babaye muri ivyo bihugu mu buryo bunyuranye n’amategeko.

Abatari bake bariko bagaragaza akababaro kabo ku mbuga ngurukana bumenyi nka za Twitter aho bavuga ko leta y’Uburundi yari kubanza kuyaga n’abategetsi ba Kongo imbere yo kwirukana abo banyagihugu ba Kongo.

https://twitter.com/Bibishe6/status/1176339108605693952?s=20

Recommended for you