UBM News ads

Abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ntibagitinya agatotezo bahagurutse

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ntibagitinya agatotezo bahagurutse kugira bereke umugambwe umaze imyaka 15 utwara Uburundi ko utazoguma ku butegetsi.

Mu ntara ya Ngozi muri komine Nyamurenza, umukuru w’umugamwe CNL, Agathon Rwasa, yari aramiutse yugurura ingoro y’umugambwe wiwe, ibirori vyitabwe n’abantu isinzi babandanya bisukira muri uyo mugambwe.

Naho iyo ngoro ya CNL yuguruwe, abanywanyi buwo mugambwe baratotejwe mu gihe bariko bataha bavuye muri ivyo birori.

Ariko nk’uko amasanamu yagiye ahabona avyerekana, inyankamugayo za CNL zo muri Commune Nyamurenza ntizahiye coba maze baca bihereza ibarabara bagenda bararimba ko umugambwe wabo uzotsinda amatora ata kibuza.

Mu majambo yumvikana bagiye bararimba, abo banywanyi ba CNL bakamenyesha ko ‘batagitinya agatotezo bakorerwa na CNDD-FDD’.

Abihweza ibintu n’ibindi baramaze kubona ko ubu Abarundi basa n’abarambiwe intwaro iri ku butegsti maze bakaba bashaka guha amahirwe uyundi mugambwe maze ivyo bataronse muri CNDD-FDD mu myaka 15 barabe ko bobironkera ahandi.

Kurikirana ngaha urabe uko abo banywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na leta y’Uburundi irongowe na CNDD-FDD baririmba:

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments