Ubwo Ndayishimiye azokwemera ubutumire bwa Kagame bwo kubana neza?

0

Mw’ijambo umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame aheruka gushira ahabona yavuze ko yizeye ko Ndayishimiye Varisto, umukuru w’iguhugu mushasha agiye gukorana neza na leta y’Urwanda.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko neza na neza leta ya Paul Kagame yipfuza kunagura imigenderanire hagati y’ibihugu bibiri ‘bivukana’ kuva kera cane.

Ariko rero, bamwe baribaza nimba koko leta ya Ndayishimiye izohava yemera ubwo butumire bwa mugenziwe wo mu Bururaruko.

Hariho impamvu zimwe zimwe zohava zituma atemera ubwo butumire, naho bamwe bamwe babona ko Ndayishimiye ashobora guhindura ibintu nk’uko ariko avyerekana.

Bitandukanye na ‘Sogukuru’ wiwe yari afise imigenderanire mibi cane na leta ya Paul Kagame gushika naho bahakwa gukozanyako cane, Varisito Ndayishimiye ariwe Samuragwa wa Sogo ashobora gukora ibitari vyitezwe.

Ikindi kandi kiriko kivugwa cane n’abatari bake ku mbuga ngurukanabumenyi ni ukutabona kumwe ico kibazo hagati ya ‘Mutama1′(Varisito) na ‘Mutama2′(Bunyoni) ku bijanye n’uko ikibazo c’Uburundi n’Urwanda cotorerwa inyishu.

Bamwe bamwe baravuga ko Urwanda rwagiriza Uburundi kubika abarwanyi ba FDLR kugira bahungabanye leta ya Paul Kagame, ivyo leta y’Uburundi kuri Petero Nkurunziza(Sogo) yaguma ahakana.

Mutama1 biraboneka ko ashobora kwemera kubana neza na Kagame maze akikurako abo bwarwanyi ba FDLR Urwanda ruvuga ko bari ku butaka bw’Uburundi.

Bivugwa kandi ko uruhande rwa Mutama2 rutabona kumwe ico kibazo ca FDLR nk’uko Mutama1 n’abo bari kumwe babibona.

Abihweza Ndayishimiye baravye uko arahindura ibintu bitandukanye n’uko ‘Sogo’ wiwe yakora, barabona ko ashobora kwikurako ikintu ico arico cose coza kibuza umubano hagati y’amakungu n’Uburundi.

https://twitter.com/TEDDYMAZINA/status/1282103063583522818?s=20