Abantu bane baguye mw’isanganya y’imodoka mu ntara ya Ngozi.

0

Abantu bane bapfuye bivuye kw’isanganya y’imodoka zibiri zagonganye mu ntara ya Ngozi aho zihurira na Kayanza.

Iyo sanganaya ikaba yavuye ku muvuduko munini w’imodka zibiri zagonganye ziriko zigenda.

Bikavugwa kandi ko ibarabara ryari rinyerera cane kubera imvura yazindutse iragwa kuri uyu musi wa gatanu.

Muri abo bapfuye kakaba harimwo uwihebeye Imana nk’uko bishirwa ahabona.

Ubushikiranganji bw’umutekano ntibusiba kugabisha abanyonga imiduga mw’ibarabara kugenda ku muvuduko ubayabaye kubera vyohava biteza amasanganya.

Ikinyamakuru canyu kirahojeje imiryangpo yabuze ababo.