UBM News ads

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Tanzania yitezwe kuzoyobora umugwi wa EAC mu matora y’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Tanzania, Mizengo Pinda, yitezwe kuzoyobora umugwi wa EAC mu matora y’Uburundi yitezwe kuba mu kwezi kwa Rusama itariki 20, 2020.

Uwo nawe akaba yitwa Mizengo Pinda akazoyobora umugwi wa Afrika y’Ubuseruko mu gukurikirana uko amatora mu gihugu c’Uburundi azoba ariko aragenda uyu mwaka wa 2020.

Umunyamabanga wa EAC, Mpfumukeko Liberat, akaba yarijeje mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka ko amatora mu gihugu c’Uburundi azogenda neza cane kandi ko umugwi wa EAC uzoyakurikiranira hafi.

Mpfumukeko yaremeje Abarundi n’amakungu ko amatora zoba ‘meza, ahurikiyemwo bose kandi aciye mu muco’.

Bikaba vyitezwe ko ukwiyamamariza amatora mu kibanza c’umukuru w’igihugu bitangura ku wa 27 uku kwezi nyene.

Ariko amakungu abandanya asaba leta y’i Gitega ko itokwihutira amatora muri iki gihe isi ihanzwe n’ikiza ca Coronavirus kandi ko no mu Burundi ukwegerana kw’abantu mu bihe vyo kwiyamamaza no kuja gutora vyohava bituma abarwaye uwo mugera biyongera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments