Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko abagwayi bane bakize ikiza coronavirus

0

Ivyo biri mw’itangazo ubwo bushikiranganji buhejeje gusohora kur’uyu wa gatanu aho bumenyesha ko abantu bane bari mu bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore basanze batagifise umugera wa coronavirus imaze kwica abantu barenga 100. 000 mu bihugu vya burayi, Asia, Afrika na Amerika.

Iryo tangazo rikamenyesha ko ubwo bushikiranganji bwakoze ibipimo ku bantu bashika 80 bamaranye umwanya munini n’abagwayi ko basanze umwe wenyene ariwe afise umugera wa coronavirus. Uwo nawe akaba yamaranye umwanya munini n’umwe aheruka kwitaba Imana ku bitaro Kira Hospital ahitanywe nico kiza coronavirus ariko akaba yarafise n’izindi ngwara zimubangamiye.

Itangazo ryo mu biro vyo mubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abenegihugu gutekana no kubandanya bakurikiza amabwirizwa y’isuku.