Abandi barundi 203 birukanwe mu Rwanda

0

Kuva mu ndwi iheze, abarundi bo mu mice yose, abakuze, abana, abavyeyi, babandanya gushika mu Burundi birukanwe mu gihugu c’Urwanda. Kuri uwu wa gatanu, abandi bagera ku 203 nibo bashitse mu ntara ya Kirundo, birukanwe muri ico gihugu c’Urwanda.

Nk’uko bivugwa n’igiporisi c’Uburundi, muri abo 203 birukanwe, bagashikira mu ntara ya Kirundo, 92 ni abo muri komine Busoni, 41 bo muri komine Bugabira, 5 bo muri komine Gitobe, 32 bo muri komine Kirundo, 2 bo muri komine Bwambarangwe, 5 bo muri komine Ntega, 13 bo muri komine Vumbi, 4 bo mu ntara ya Ngozi, hamwe n’icenda bo mu ntara ya Muyinga.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo bamenyesha ko abo barundi birukanwa bavuga ko bagirizwa ko banse kuja kuba mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.

Bamwe muri abo barundi bemeza ko banka kuja kuba mw’ikambi y’impunzi kuko batavuye mu Burundi bahunze, ahubwo ko bari bagiye kurondera ubuzima, bamwe muribo bakamenyesha mbere ko birukanwa mu gihe bari basanzwe bubakanye n’abanyarwanda, baranavyaranye. Iyo ngingo rero ikaba ibatandukanya n’imiryango yabo bari bashingiye mu gihugu c’Urwanda.

Abo birukanwa baridogera kandi igihugu c’Urwanda, kuko iyo birukanwe, nk’uko bonyene bavyemeza, amatunga yabo asigara mu Rwanda, nk’ivyimburwa vyabo biva mu matongo baba barimye, ibitungwa, n’ibindi.