Abakorana n’Uburundi bariyamiriza ingingo yo kwugara amashirahamwe mvamakungu.

0

Inyuma y’aho leta y’Uburundi ifatiye ingingo yo kwugara amashirahamwe mvamakungu ku wa 27 Nyakanga 2018, Abakorana n’uburundi( partenaires) bariyamiriza ingingo yo kwugara amashirahamwe mvamakungu mu Burundi maze bagasaba ko hoba ibigairo hagatiya leta y’Uburundi nabo.

Uwo mugwi w’abakorana bakongera bagafasha Uburundi mu vy’ubuhinga no mu vy’ubutunzi bibutsa ko iyo ngingo yo kwugara amashirahamwe mvamakungu mu Burundi izana ingaruka zibabaje ku banyagihugu b’Abarundi hamwe no ku butunzi bw’igihugu, ivyo vyavuzwe mw’itangazo basohoye.

Iyo ngingo yafashwe na leta y’Uburundi yo kwugara amashirahamwe mvamakungu ategamiye leta iriko icamwo ibice ayo mashirahamwe kuko amwe muri ayo yagaritswe amaze gusubira gusinya na leta amasezerano yo gusubira gukora, mugihe ayandi nayo akaba atarumvikana neza na leta y’Uburundi ku bisabwa.

Bimwe bimwe muvyo leta isaba ayo mashirahamwe ni gutanga ibice binaka kw’ijana vy’amafaranga ayo mashirahamwe ahemba abakozi babo, maze akaja mu kigega ca leta y’Uburundi. Ivyo navyo bikaba bikicumvikanwako namashirahamwe ataravyemera.

Soma hano ivyo abo bakorana n’Uburundi bakongera bagafasha cane mw’iterambere ry’Uburundi bashize ahabona: