Bamwe mu baforoma bo ku bitaro vyitiriwe Umwami Khaled bahagaritse akazi

0

Abaforoma bo muri Sendika CNTS hamwe na SYNAPA bakorera ku bitaro vyitiriwe umwami Khared vyo mu Kamenge barahagaritse akazi kuva kuri uwu wa gatatu, nk’uko bari babigabishije.

Abaserukira abo baforoma bamenyesha ko muvyo basaba kugira basubire ku mirimo harimwo uguserukirwa kwabo mu rwego nshingwantwaro rw’ivyo bitaro, bagasaba kandi ko bohabwa amafaranga y’ibirarane baheraniwe.

NDUWIMANA Alice arongoye Sendika CNTS ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled amenyesha ko naho bahagaritse akazi batoroherejwe n’abaporisi babateye ubwoba, abandi barafatwa, naho mu nyuma bahavuye barekurwa.

Uwo arongoye Sendika CNTS avuga kandi ko muvyo basaba ko harimwo ko hoba umuco mw’itunganwa hamwe n’ikoreshwa ry’amafaranga y’ivyo bitaro.

Abaforoma bahagaritse akazi ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge barenga amajana atanu, bakavuga ko bazosubira ku mirimo ari uko habaye ibiganiro, ibibazo vy’abo baforoma bikigwa.