Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu wa kane abantu batatu biyemerera ko ari abicanyi bakoreshwa n’umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, umukuru w’umurwi w’abashingamateka b’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI bayoboka RWASA Agathon. Abo bantu batatu bapfungiwe mw’iperereza i Bujumbura.
Abo bafashwe n’igiporisi bemera ko aribo bagira bagandagure umushingamateka NIYONGABO Justice yatowe mu mugambwe CNDD FDD hamwe n’umugabo wiwe, umushingamateka NIYONGABO Hilaire. Abo bashingamateka babiri bahatswe kugandagurwa kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu 2018 ku rugo rwabo ruri mu Gihosha mu gisagara ca Bujumbura. Abo basore batatu berekanwe n’igiporisi biyemerera ko aribo bagira bakore ubwo bwicanyi, babutumwe n’umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA.
Umushingamateka NDIKUMANA avuga ko hari haheze indwi yose aronse ayo makuru y’uko hariko hategurwa umugambi w’ukumwagiriza ubwicanyi, kugira yakwe ubudahangarwa, aheze apfungwe imbere y’amatora y’umwaka w’2020. Kubwa Pierre Celestin NDIKUMANA, iryo ni irementanya rigamije gukumira muri poritike abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Abo basore batatu berekanwe n’igiporisi mu gihe hari inzandiko zitagira imikono zimaze iminsi zitorwa, zivuga ko hari umugambi uriko utegurwa n’umushingamateka Agathon RWASA w’ukugandagura bamwe mu ndongozi z’Uburundi, aho twobabwira nk’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, ivyegera vyiwe, hamwe na bamwe mu bashikiranganji.
Mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bavuga ko iryo ari irementanya.






Recent Comments