HCR Isaba 391 000 000 US $ Yo Gufasha Impunzi Z’Abarundi Muri 2018.

0

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR riratera akamo abo bose bafasha kugira ngo ikibazo c’impunzi z’Abarundi nticibagirwe.HCR ikaba isaba ko amafaranga ashika ku miliyoni 391 US $ kugira ngo impunzi z’abarundi zishika 430 000 zifashwe muri uyu mwaka wa 2018.

HCR imenyesha iti:” Turiko dusaba cane abafasha kugira bongereze akigoro mu gutanga imfashanyo ku mpunzi z’abarundi ziriko zihangana n’ubuzima bugoye mu bihugu bibanyi, kandi ko hatokwibagirwa kubandanya hakorwa ibishoboka kugira ngo hatorwe umuti urama kuri izo mpunzi z’Abarundi”.

Ikibazo c’impunzi z’abarundi gisa nikititaweho cane kuva mu mwaka wa 2015 zitanguye guhungira mu bihugu bibanyi.Ku mfashanyo yari ikenewe,haboneka ibice 21% maze bigaca bituna izo mpunzi ziba izitabwaho cane gusumba izindi mwisi.

Ico gisabo ca HCR cashikirijwe ababijejwe i Geneve kugira ngo ikibazo c’impunzi z’Abarundi ntikibe icibagiranywe.Ku bwa HCR, impunzi z’abarundi zishika 50 000 ziritezwe kwiyongera ku zindi zihasanzwe kubera ko ikibazo c’Uburundi gisa nicananiranye gutorera umuti n’ibihugu vy’akarere.

Ubukene bw’imfashanyo mu mpunzi z’Abarundi kuratuma haba igabanuka ry’ibifungurwa bihabwa impunzi, impunzi zikaba mu tuzu tudakomeye, igwirirana ry’abanyeshure mu birasi hamwe no gukinga ihohotera rifatiye ku gitsina, vyose bica bituma HCR ibandanya isaba imfashanyo.