Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bazokina itariki 11 mu kw’icumi bamenyekanye

0

Intamba m’urugamba zikazokina n’igihugu ca Tanzaniya murico gihugu nyene kukibuga Mkapa Stadium. Abakinyi bazova hanze bashika 11 abakinira m’Uburundi nabo bashika 25. Benshi bari biteze ko umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba azoba ari Olivier Niyungeko ariko hakaba handitse ko ari Jimmy Ndayizeye arikumwe na Joslin Bipfubusa.

Olivier Niyungeko akaba yasiguye ko atakuwe nk’umumenyereza mukuru w’Intamba m’urugamba, ko afise urubanza rw’ubugeni bwiwe bikaba bihuriranye niyo tariki nyene. Urwo rukino rukaba arurwo kwimenyereza bitegurira gukurakuranamwo mu gikombe ca Afrika 2021.

Mwomenya ko umumenyereza Olivier Niyungeko yashikanye Uburundi ubwambere mu mahiganwa yanyuma yo mu gikombe ca Afrika giheruka cabereye mu gihugu ca Egiputa. Ariko mu nyuma bikaba vyaciye bigorana Intamba m’Urugamba ntizaba zigisubira gutsinda umurwi numwe.