Ubugeni bwa Olivier( imyaka 27) na Jacqueline (imyaka 57 ans) burateye impari i Bujumbura

0

Urwo rubanza rwari rwashingishijwe n’abanyinabo na Ingenieur Olivier Iribagiza, afise imyaka 27, ashaka kubakana na Ndikumagenge Jacqueline, afise imyaka 57. Aba banyinabo na Olivier Iribagiza bakavuga ko uwo muhungwabo afise imyaka mike uravye imyaka yuwo agiye kubakana afise imyaka 57. Akaba amusumba hafi imyaka 30.

Abo banyinabo bakaba batagarukiye ngaho bakaba barituye umukuru wa zone Ngagara aca arasivya kubarahiza imbere yabaserukira amategeko ya Leta bita état civil. Ariko abo bakundanye bakaguma bashaka kubana. Niho abo banyinabo bitura umukuru wa mairie ya Bujumbura, CP Jimmy Hatungimana, nawe akaba yabishuye mw’ikete ko atantambamyi zikomeye zanditse mu mategeko zobuza ko bubakana.

Ubugeni rero bukazoba ku musi w’Imana itariki 4 z’ukwicumi.

Ubwo bugeni mwebwe mubwakira gute, mubona harimwo uruhendo canke harimwo urukundo canke amaronko.