Abanyeshure batatu bagumijwe mu gasho bagirizwa kwonona ifoto y’Umukuru w’igihugu

0

Abanyenshure batandatu bafise imyaka iri hagati ya 15 na 19 nibo bari bahagaritswe mu ntara ya Kirundo ku wakabiri w’indwi iheze bagirizwa kwonona ifoto y’Umukuru w’igihugu iri kubitabo vy’ishure ryabo bigirimwo. Umushikirizamanza wo mu ntara ya Kirundo akaba yafashe ingingo yo kurekura batatu muri bo bandi batatu baragumizwa mu gasho. Amakuru adushikira boba bajanywe gufungwa mw’ibohero ryo mu ntara ya Ngozi.

Uyundi munyeshure w’imyaka 13 akaba yari yafashwe mur’iyo dosiye ariko akaba yaciye arekurwa kuko atarakwiza imyaka yo gufungwa nkuko bimenyeshwe n’ishirahamwe FENADEB. Imyaka yo gufungwa mu Burundi igitabo mpanavyaha kivuga ko itangurira kuri 15. Ariko ivyo bitabo hari haheze imyaka itatu bitagenzurwa bishoboka kwabo bafashwe ataribo bononye iyo foto y’Umukuru w’iguhugu nkuko bivugwa n’abarimu bigisha abo banyeshure.

Amashirahamwe aharanira agateka k’abana aremeza ko konona ifoto y’umukuru w’igihugu ari ikosa rihanwa n’amategeko ariko bikozwe n’abanyeshure bakiri bato boraba izindi ngingo zofatwa atari gufunga abanyeshure. Mwomenya ko mu mwaka w’i 2016, abanyeshure 17 bahagaritswe mu ntara ya Muramvya bagirizwa kwonona ifoto y’Umukuru w’igihugu. Ariko bahavuye barekurwa bari baciriwe imyaka 20 yo gufungwa.