Abadandaza 10 B’Inka B’Abakongo Bafungiwe Mu Burundi.

0

Abadandaza b’abakongo bashika kuri cumi basanzwe bakora urudandaza rwo kudandaza inka na cane cane hagati ya zone Gatumba muri Commune Mutimbuzi na Uvira muri Kongo barafungiwe mu gasho k’iperereza no kurwanya ibiturire i Bujumbura.

Nkuko Radiyo Okapi yo Muri Kongo ibimenyesha, abo badandaza cumi b’abakongo bahagaritswe n’abategetsi b’Uburundi igihe bariko binjiza mu gihugu ca Kongo inka n’impene bavanye mu gihugu c’Uburundi.

Bulangalire Bitakirwa ajejwe ivy’ubdandaji no guhanahana amakuru muri COMESA yamenyesheje Radiyo Okapi ati : « Gushika ubu, tubajije abategetsi b’Uburundi itegeko ribuza ibijanye no kwinjiza ibitungwa biva mu Burundi bija muri Kongo, batubwira ko iryo tegeko riva hejuru. Ntituzi nimba riza riva mw’ijuru ».

Bulangalire Bitakirwa akaba kandi avuga ko Uburindi bwahagaritse kuva mu mwaka wa 2013 uguhanahana ibidandazwa hagati y’ivyo bihugu bibiri, mu gihe ukwo guhanahana ibidandazwa ari ukwo kuva mu mwaka wa 1976.

Bulangalire Bitakirwa akabandanya amenyesha ko yabimenyesheje abategetsi babijwe bo mu gihugu ca Kongo kugira ngo abo badandaza b’abakongo barekurwe, kandi ko hokworoherezwa ibijanye no guhana hana ibidandazwa hagati y’ibihugu bibiri arivyo Kongo n’Uburundi.