Malawi: Umurundi Apfunzwe Yagirizwa Gufata Ku Nguvu.

0

Igipolisi co muri Malawi cahagaritse umusore w’umurundi yitwa Leonald Juma afise imyaka 21 yagirizwa kwonona no gufata ku nguvu akigeme k’imyaka 15 kiga mu mwaka wa gatandatu.

Nkuko ikinyamakuru c’aho muri Malawi, Nyassa Times kibitangaza, igipolisi co ngaho muri Malawi kimenyesha ko uwo murundi Juma Leonard yahora afise imangazini aho muri ico gihugu, maza akaba yafashe ku nguvu ako kigeme mu ntango z’umwaka wa 2017.

Esther Mkwanda, umukuru w’igipolisi ngaho I Malawi yabwiye ico kinyamakuru ko ‘vyagaragaye ko ako kigeme kibungenze muri Gitugutu 2017, maze Juma akaba yaremanze ko ariwe yamuteye iyo mbanyi maze aca aremanga ko azokwitaho muri vyose uyo mugore wiwe wa kabiri naho asanzwe yubakanye nuyundi murundikazi’.

Abandanya amenyesha ko nyina w’ako kigeme atanezerejwe nico caha cakozwe niho guca abimenyesha igipolisi maze barapima basanga ako kigeme gafise imbanyi y’amezi atandatu.


Leonard Juma akaba yitezwe kwishura imbere y’ubutungane bw’aho I Malawi ku caha yagirizwa co guhumanya ako kigeme. Akaba asanzwe aba mu nkambi y’impunzi Dzaleka, ariko akaba akorera urudandazwa rwiwe I Lilongwe ku murwa mukuru wa Malawi. Tubibutse ko hari Abarundi batari bake mu nkambi y’impunzi aho I Malawi.