UBM News ads

Rwanda-Burundi:Leta y’uburundi ntirota yugurura imipaka bihana n’urwanda-Reverien Ndikuriyo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD reveriyano Ndikuriyo avuga ko leta y’uburundi itarota yugurura imipaka bihana n’urwanda kugeza urwanda rutanze ba Niyombare n’abandi bakoranye mu gutembagaza ubutegetsi muri 2015.

Agira ati:”Ba Niyombare bari I Kigali nibabaduhe,canke bapfireyo.batabaduhaye ntawe ntitwisemba,igihugu kirya gikaravye”.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku musi w’ejo mu ntara yakera ya Ngozi ubu ibarizwa mu ntara ya Butanyerera yagutse,umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo yemeza ko Leta y’uburundi itarota yugurura imipaka bihana n’urwanda.

Abashatse gutembagaza ubutegetsi muri 2015 bibereye I Kigali!

Kubwa Reveriyano Ndikuriyo avuga ko bitumvikana ingene urwarwanda Rwafashije abashatse gutembagaza ubutegetsi bibananiye baca bagungira mu Rwanda.nubu akaba ariyo bacumbikiwe nkuko avyemeza.

Agira ati:”Ba Niyombare bari I Kigali nibabaduhe!Batabaduhaye naho ntitubisemba igihugu kirya gikaravye’.

Iyindi mpamvu ituma imipaka itazokwugururwa nuko nkuko Reveriyano Ndikuriyo abivuga urwanda rubitse inkozi z’ikibi zama zaje guhungabanya umutekano w’igihugu zigasubira mu Rwanda.

Agafatira akarorero aho mu mpera z’umwaka wa 2023 abagizi ba nabi leta y’uburundi yise abarwanyi b’umuhari Red Tabara binjiye mu burundi bakica inzirakarengane mu ruhagarika mu ntara ya kera ya cibitoke no muri vugizo muri zone Gatumba.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments