Amashirahamwe yegereye ubutegetsi ariyamiriza kuba yakumiriwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu mugambi waryo wo gufasha amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike mu Burundi.
Uwo mugambi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ukaba wasinywe ku wa 28 Nyakanga 2020 aho iryo Shirahamwe ryemeye gutanga imfashanyo y’amafaranga arenga imiliyaridi 13 FBU mu ntumbero yo gusahiriza ayo mashirahamwe.
Iyo mfashanyo ikaba yahawe amashirahamwe akorera mu Burundi ariyo OXFAM na CORDAID kugira afashe mu gushira mu ngiro uwo mugambi.

Bivuye kuri iyo ngingo, amshirahwme ari mu kwaha kwa CNDD-FDD yaciye ashira akamo hejuru ko Ubumwe bwa Buraya bwayakumiriye maze bwandikira umushikiranganjii w’intwaro yo hagati mu gihugu, Ndirakobuca Gervais(Ndakugarika, asanzwe ari musi y’ibihano nyene vy’Ubumwe bwa Buraya) ko yohagarika uwo mugambi w’Ubumwe bwa Buraya.
Ayo mashirahamwe akaba abona ko ari ivangura ririko rikorwa n’ubumwe bwa Buraya mu guha iyo mfashanyo amashirahamwe mvamakungu atanaboneka ku rubuga.
Nouvel appui de @UEauBurundi à la société civile burundaise (13 milliards de BIF): plus de 13.000 personnes concernées dont des femmes et des jeunes.
#gouvernance pic.twitter.com/7DxR80t0CR— UE au Burundi (@UEauBurundi) September 29, 2020
Ariko abandi babona ko nyabuna ayo mashirahamwe mvamakungu ariyo azotanga ubuzi adakumiriye ataravye ngo uyu akomoka mu mugambwe uwahe canke uwu.

Mwe mubona gute iyo ngingo y’Ubumwe bwa Buraya? Raba hano urwandiko ayo mashirahamwe ari mu kwaha kwa CNDD-FDD yandikiye Gervais Ndirakobuca:






Recent Comments