Abarundi b’impunzi baba mu muji wa Kigali batanguye gutaha m’Uburundi

0

Abo barundi bakaba bashitse kur’uyu wa kane mu Gasenyi – Nemba k’umupaka Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda. Amabusi ashika cumi akaba yariko arazana izo mpunzi. Izo mpunzi zikaba zahunze intureka yadutse mu mwaka wa 2015 bivuye ku mpari z’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

 Izo mpunzi zikaba zitavye akamo k’umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye yabasavye kugaruka mu gihugu cabo c’amavukiro. Abo baje akaba ari umurwi ugura 4 uje mu gihugu c’Uburundi bavuye mu gihugu c’Urwanda.

News