Abenegihugu baba murako karere bavuga ko baguma bumva urwamo rw’amasase kur’uyu wa gatandatu. Abo benegihugu bakavuga ko batakiryama mu mazu yabo kuko baguma babona abasirikare banyuragiranwa mur’ako karere. Aba benegihugu bakavuga ko hageze isaha 12 zo kumugorobo baca baja kurondera aho basaba indaro.

Umurwanyi umwe akaba amaze gufatwa nayo umusirikare umwe akaba yarakomeretse. Umuhari Red Tabara ukaba umaze kumenyesha ko ariwo uriko uragaba ibitero mu mihingo y’Uburundi itari mike.





Recent Comments