‘Reta Nsenzi’ iriko ikora igikorane c’amasengesho i Buye mu ntara ya Ngozi aho uyu musi ari ku musi ugira kabiri.
Ico gikorane kikaba categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu ku bwo gushimira Imana.
Ivyo nyene nivyo vyahora bikorwa n’umuryango w’umukuru w’igihugu yahahora ariwe ‘Sogo’ wa Samuragwa.
Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko umukuru w’igihugu mushasha ariwe ‘samuragwa’ ariko akurikira intabwe ku yindi ivyo ‘sogokuru wiwe’ yakora.
Ku mafoto ariko akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi yerekana neza na neza ‘samuragwa’ ariko yigana neza ugutamba kwa ‘Sogokuru wiwe’.
Bamwe baravuga ko intumbero kandi y’ayo masengesho ari kandi gusabira iherezo ryiza ‘Sogokuru’ kugira yiruhukire neza.





Recent Comments