UBM News ads

‘Reta Nsenzi’ iriko isozera igikorane c’amasengesho mu ntara ya Ngozi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

‘Reta Nsenzi’ iriko ikora igikorane c’amasengesho i Buye mu ntara ya Ngozi aho uyu musi ari ku musi ugira kabiri, maze bikaba bitegekanijwe ko ico gikorane kiza kurangira uyu musi wa mungu.

Ico gikorane kikaba categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu ku bwo gushimira Imana.

Ivyo nyene nivyo vyahora bikorwa n’umuryango w’umukuru w’igihugu yahahora ariwe ‘Sogo’ wa Samuragwa.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko umukuru w’igihugu mushasha ariwe ‘samuragwa’ ariko akurikira intabwe ku yindi ivyo ‘sogokuru wiwe’ yakora.

Ku mafoto ariko akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi yerekana neza na neza ‘samuragwa’ ariko yigana neza ugutamba kwa ‘Sogokuru wiwe’.

Bamwe baravuga ko intumbero kandi y’ayo masengesho ari kandi gusabira iherezo ryiza ‘Sogokuru’ kugira yiruhukire neza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments