Abo barundi bashika 134 baramaze ukwezi ni nusu bugaraniwe mu gihugu c’Urwanda bakaba barankiwe gutahuka. Benshi muribo bakavuga ko bari bagiye kwivuza abandi mu manza abandi mu bikorwa bitandukanye. Mu gihe bari basubiye mu gihugu cabo bakaba barankiwe kwinjira. Ico gihe imbibe zari zugawe kubera ikiza coronavirus. Ariko abinjira m’Uburundi babanza gupimwa kugira barabe ko atangwara binjiranye m’Uburundi.

Jean Claude Karerwa, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC Gahuza Miryango yavuze ko abo bantu atabazi ati ariko nimba bahari kandi ari abarundi ko bokwitura ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ibindi bihugu, ubushikiranganji bw’umutekano n’ubw’amagara y’abantu kugira bashobore gutahuka.
Abo barundi bakabavuga ko bituye ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Urwanda ubwo nabwo bukavuga ko ikibazo bagihaye Leta y’Uburundi. Abo barundi nabo muri kino gihe bakavuga ko ubuzima bubagoye kuko amahera y’urugendo yaheze yose.





Recent Comments