UBM News ads

Kayanza: umupolisi yarashe mugenziwe kubera igiturire ca 5000 FBU

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gatondo ko kuri uyu kusi wa mbere mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw’Uburundi, habaye ibara ridasanzwe aho umupolisi w’igihugu yarashe mugenziwe.

Uwo yarashwe yaciye acikana ubwo nyene. Amakuru ashirwa ahabona amenyesha ko uyo yarashwe yazize kuba yariye igiturire c’amafaranga y’amarundi 5000 FBU.

Uwakoze iryo bara akaba yamaze gushikanwa mu butungane yagirizwe icaha co kwica.

Biratanganje cane kubona umuntu azira kurya ibiturire kandi tuzi ko ico ‘reta mvyeyi na nkozi’ arivyo yiyemeje kurwanya.

Ubwo abanyagihugu bamwe bamwe boba banaterwa ubwoba nivyo ‘reta nkozi’ iriko irakora mu kurwanya igiturire?

Biragaragara cane ko abatarabona neza ko bazokwibonerako. Ubutungane bwo mu ntara ya Kayanza bukaba buriko bukora amatohoza kuri urwo rupfu rw’umupolisi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments