UBM News ads

ONU yiteze umubano mwiza na leta ya Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ririteze umubano mwiza na leta y’Uburudi kuva aho imigenderanire hagati y’Uburundi na ONU itosekariye kuva mu mwaka wa 2015.

Ivyo vyashizwe ahabona n’ikete ryanditswe n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, aho yandikiye umushikiranganji mushasha w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburundi, Albert Shingiro.

Antonio Guterres, umunyamabanga wa ONU

“Ndakwipfurije kuroranirwa bikwiye…ndizeye ko imigenderanire hagati ya ONU na leta y’Uburundi izokomeza kubandanya iba myiza kuruta…”, niko Antonio Guterres yandikiye ubushikiranganji bw’imigendeanire n’ayandi makungu bw’Uburundi.

Imignderanire ya ONU n’Uburundi yarononkeya cane kuva mu mwaka wa 2015 aho uwo muryango wagiriza leta ya Petero Nkurunziza guhonyanga agateka ka zina muntu mu kurwanya vyimonogoje abatavuga rumwe na leta y’Uburuundi.

Antonio Guterres ariteze cane ko Albert Shingiro azokora ibishoboka vyose kugira imigenderanire isubire kunaguka.

Shingiro Albert arazwi cane ukuntu yaburaniye leta y’Uburundi yaserukira muri ONU ku bijanye n’uko ico gihugu caguma giharirwako n’ibindi bihugu muri ONU.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments