UBM News ads

Ndayishimiye Evariste ‘azorahira kurongora igihugu’ ku wa 18 Ruheshi 2020

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yatowe, Ndayishimiye Evariste, ‘azorahira kurongora igihugu ku wa 18 Ruheshi 2020 nk’uko amakuru ashirwa ahabona avyerekana.

Ivyo vyashitsweko mu ndwi iheze aho Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ihaserukiye kugira isubirize uwahoze ari umukuru w’igihugu aheruka gupfa, Petero Nkrurunziza.

Abihweza ibiintu n’ibindi bavuga ko Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yafashije mu gukememura ikibazo cari guhava cibonekeza hagati ya Ndayishimiye na Nyabenda kubera ugushaka kwicara mu ntebe y’umukuru w’igihugu.

Ndayishimiye akaba yitezwe kuzorahirira ku murwa mukuru wa politike w’Uburundi ariwo Gitega, kumbure muri Komine Bugendana nk’uko bamwe bavyibaza.

Ukurahira kwiwe akaba azorahirira imbere y’Imana n’abantu bo bafise uburenganzia bwose ku gihugu c’Uburundi.

Mukibuka ko ikigandaro ku rupfu rwa Petro Nkurunziza kirangirana n’iyi ndwi twatanguye.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments