Kur’uyu wa gatandatu, uwatowe ngo asubirire uwahoze arongoye Uburundi Président Pierre Nkurunziza, ariwe Evariste Ndayishimiye yishikiye kunyubakwa y’Umukuru w’igihugu Ntare House kwandika mu gitabo c’iteka co kwibuka uwo bagendanye mu bikorwa vya politique.

Mu gihe hari ibihuha vyavurwa ko nawene agwaye wa mugera coronavirus, Evariste Ndayishimiye mwijambo yashikirije ahejeje kwandika murico gitabo, yasavye abarundi kwirinda ibihuha murino misi Uburundi buriko buraca mu bihe bitoroshe. Evariste Ndayishimiye yasavye kandi abarundi ko bokwirinda uwundi mugera ukomeye w’amacakubiri kuko chetani ubu ica ikora cane ngo abarundi bacanemwo.
Mwomenya ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko Evariste Ndayishimiye yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yoca arahira vyihuta kuko ngo atakiringo mfatakibanza gikenewe umukuru w’igihugu yaratowe. Bikavugwa rero ko Evariste Ndayishimiye ashobora kurahira kuba umukuru w’igihugu mu ndwi iza i Gitega, umugwa mukuru wa politike.





Recent Comments