Inama nshikiranganji ikaba yabaye kur’uyu wa kane irongowe n’icegera cambere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, aho ni kuva aho uwahoze arongoye Uburundi, Pierre Nkurunziza, yitabiye Imana ku mus iwa mbere. Ingingo imwe niyo abashikiranganji bariko barihweza yerekeye ingene ibintu bigiye gukurikirana kuva aho umukuru w’igihugu yitabiye Imana.

Mukibuka ko Pierre Nkurunziza atarahambwa kandi atararonka umusubirizi. Benshi bakibaza ko iyo nama iza gusozera abo bashikiranganji bituye Sentare ijejwe kubahiriza Ibwirizwashingiro ko yotomora neza uwugiye gusubirira Petero Nkurunziza mugihe ikiringo ciwe cari kurangira itariki 26 z’ukumunani 2020.
Ariko nkuko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo aguma abisubiramwo umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ashengeye amaze kuronka uwuzomusubirira biciye mu matora ariwe Evariste Ndayishimiye. Abandi nabo bakavuga ko ari umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda yoca aba aratwaye igihugu mukurindira iyimikwa rya Evariste Ndayishimiye itariki 26 z’ukumunani 2020. Benshi rero bakaba barindiriye ico iyo sentare yubahiriza ibwirizwashingiro ivuga hamwe n’umusi w’ifubwa rya Pierre Nkurunziza yahora atwara Uburundi imyaka 15. Inkuru tubandanya tubatohoreza.





Recent Comments