UBM News ads

Président Nkurunziza nawene yoba ari kumusego kubera covid-19

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amakuru ariko araca ku mbuga ngurukana z’iradiyo RPA aremeza ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi agawariye mu bitaro vy’akarorero vy’Ikarusi kuva kur’uyu wa gatandatu. Ivyo bibaye inyuma yaho umutambukanyi wiwe nawene ajanywe kuvuzwa mu gihugu ca Kenya kubera iyo ngwara yadutse kw’isi yose. Iyo nkuru akaba tanumwe aragira ico ayivuze mu biro vy’umukuru w’igihugu canke m’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Umukuru w’i gihugu akaba yaramaze imisi mu myiyamamazo y’amatora yabaye mu kwezi kwa Rusama guheze, asubira aja mu gikorane mpuzamashengero cabereye mu ntara ya Gitega imisi itatu, muriyi misi naho akaba yariko arakurikirana ihiganwa ry’umupira w’amaguru bitiriye Igikombe c’Umukuru w’igihugu.

Ingwara iterwa n’umugera covid-19 ikaba ica mu muyaga no mukwasamura, kuramukanya bikaba bisa naho vyahebwe mu gendo z’umukuru w’igihugu, gukaraba navyo bikaba bisa nibiriko biragabanuka henshi m’Uburundi.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba buherutse gutora abandi bagwayi 21 bagwaye coronavirus abandi 19 nabo barakize barataha, hakaba hamaze kumenyekana abantu barenga 60 bagwaye coronavirus m’Uburundi, hakaba n’abandi benshi bagwarira muhira bakivuza bisanzwe Imana ikababa hafi bagakira.   Ibihugu bitari bike bikaba vyarafashe ingingo zo kubuza kuva mu mazu canke guhagarika aho abantu benshi bahurira, abandi nabo bakambara bimwe bikingira umunwa n’amazuru bita masque canke agapfukamunwa. Ariko m’Uburundi abantu bakaba batembera ukuri kwamye, ingingo zo gukara no kutaramukanya zikaba arizo zafashwe gusa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments