UBM News ads

Mandarine zakoroste igiciro gose mu ntara ya Rumonge

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bivugwa n’abarimyi b’ico camwa mu ntara ya Rumonge aho bavuga ko indobo yose ya mandarine bayitanga ku mafaranga 2000 y’amarundi canke munsi yayo.  Ivyo bikava ko izo mandarine zitagisohoka igihugu ngo zishoke hanze y’igihugu kandi imipaka itari mike ikaba yugaye kubera ikiza coronavirus.

Bulamatari w’intara ya Rumonge, Juvenali Bigirimana, akavuga ko ico kibazo akizi ko bariko barabaka ihinguriro ryo gukora umutobe w’ico camwa kugira gishobore kubikwa igihe kinini, ati ariko ibikorwa vyo kubaka iryo hinguriro ntibirahera neza.

Akaba aruruhombo runini kubarimyi bo mu ntara ya Rumonge kuko amahera avuye mur’ivyo vyamwa yahora abafasha kuriha amashure y’abana babo no kubavuza. Mu gihugu c’Urwanda mandarine imwe ikaba igurwa 2000 vy’amahera y’amanyarwanda. Ariko abashorerayo uwo mwimbu uva i Burundi bakaba batorohewe muri kino gihe bivanye n’amategeko canke ikiza ca coronavirus n’ibibazo vya politike hagati y’Uburundi n’Urwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments