UBM News ads

Rwasa Agathon agabisha CENI ku busuma bw’amatora buriko burategurwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’umugambwe CNL mu Burundi utavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD, Agathon Rwasa, yaranditse urwandiko rwagiye ahabona avuga ubusuma bw’amatora buriko burategurwa kandi bugakorwa n’umugwi CENI.

Agathon Rwasa akavuga ko ubusuma bwibonekeje cane mwiyandikwa, mwitangwa ry’amakarata y’itora aho wasanga hibonekeje utunenge turari duke.

Nk’akarorero, Rwasa aravuga ko hariho amakarata y’amatora atari make yanditsweko abantu bapfuye, hamwe n’abandi bandikwako kandi bapfunzwe abandi batabaho.

Abatavuga rumwe na leta bakaba batanguye kera biyamiriza busuma bwoba buriko burategurwa hifashijwe umugwi wigenga utegura amatora mu gihugu c’Uburundi, CENI.

Mukanenya ko CENI nayo nyabuna yagiriza umugambwe wa Rwasa, CNL, ko ariwo uriko ukoresha imvugo y’urwanko muri kino gihe hariko hakorwa imyiyamamazo ku rwego rw’umukuru w’igihugu.

Raba hano inyandiko zibiri zashizweko umukono na Agathon Rwasa:

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments