UBM News ads

‘Samuragwa’ vs Rwasa: Umwe ngo ‘gukuraho ubukene’ uwundi ngo gukuraho ‘abanyonyezi’

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abagabo babiri bose bava mu bwoko bw’abahutu bariko bahatanira guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu aribo Evariste Ndayishimiye na Rwasa Agathon bariko bavugwako vyinshi.

Duhereye kuri Ndayishimiye yiswe ‘Samuragwa’ wa ‘mukuruwe, Nkurunziza, Ndayishimiye avuga ko aje gushira imbere kurwanya ubukene gushika mu turere twose tw’Uburundi.

Ndayishimiye aremeza ko ‘mukuruwe’ Nkurunziza yashitse ku ntambwe ishimishije yo kugarukana amahoro n’umuketekano, maze nawe akavuga ko aje nk’umuhizi mw’iterammbere’ mu gihugu.

Ariko rero, Agathon Rwasa wewe siko abona ibintu. Muri make wewe aravuga ko ivyo umugambwe CNDD-FDD utakoze mu myaka 15 iheze atizeye ko Ndayishimiye azobikora.

Rwasa Agathon agahamagarira Abarundi bose iyo bava bakagera gutora CNL maze habe ihinduka riboneka maze habe iterambere mu Burundi hama ivyo ‘kunyonyeza amatungo y’igihugu aja mu kagwi kamwe k’abantu’ bihagarare.

Rwasa Agathon akamenyesha ko umugambi nyamukuru wiwe ari uwo ‘gukuraho abanyonyezi‘ b’igihugu nk’uko abanywanyi biwe nabo bavyemeza.

None Abarundi bazohitamwo nde hagati y’umuhizi mw’iterambere’ hamwe n’uwuje gukuraho ‘abanyonyezi’?Naho Abarundi kubicira urubanza ku wa 20 Rusama 2020.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments