Agathon Rwasa ariyamiriza ihagarikwa no gufunga abanywanyi biwe

0

Agathon Rwasa ariyamiriza ihagarikwa no gufunga abanywanyi biwe biriko bikorwa muri kino gihe hariko habandanya imyiyamamazo ku bashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Ivyo yabishikirije inyuma yaho leta hamwe n’ubushikiranganji bw’umutekano butunze urutoke ku banywanyi ba CNL ko ariko bariko badurumbanya umutekano.

“Ivyo biriko bikorwa kugira ngo umugambwe wacu bawucemwo ibice nkuko vyakozwe kuri MSD, kuko vyategurwe kuva kera”, niko Rwasa Agathon yavuze.

Nk’akarorero, umunywanyi umwe w’umugambwe CNL azokwitoza mu kuba umushingamateka muro CNL yaraye aciriwe gufungwa imyaka itanu mu ntara ya Ngozi yagirizwa gukokeza imishamirano hagati y’imbonerakure za CNDD-FDD n’Inyankamugayo za CNL.

Umugwi ujewe amatora CENI naho utadomako urutoki nawo uravuga ko hariho abakoresha imvugo zo gutukana kandi zo kwambika ibara abandi banywanyi biyindi migambwe muri iki gihe hasigaye indwi zibiri gisa ngo amatora abe.

Urwaruko rw’umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’uwo mu mugambwe CNL ruriko rurabana ayingwe muri iyi misi na cane cane kubera ko umugambwe CNL uriko wegeranya abanywanyi batari bake mu gihugu c’Uburundi.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko amatora yo kuwa 20 Rusama ashobora kuba nk’ayabanye hagati ya Frodebu na UPRONA mu 1993 aho UPRONA yatsindwa izuba riva kandi yari yizigiye intsinzi.

Bamwe bamwe bavuga ko abarundi berekana bariko bakurikira umugambwe CNDD-FDD bashobora ‘kugahinyanyurira’ mu kazu k’amatora maze bagatora uyundi mugambwe nka CNL kugira haboneke ihinduka mu gihugu.