UBM News ads

Imyiyamamazo irabandanya naho abandura COVID-19 babandanya biyongera mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imyiyamamazo irabandanya naho abandura COVID-19 babandanya biyongera mu gihugu c’Uburundi.

Abahanganye bikomye ni Evariste Ndayishimiye batazira ‘Samuragwa’ hamwe na Agathon Rwasa ahabwa amahirwe ko ashobora gutahukana intsinzi muri aya matora ya 2020.

Abo bakandida ba CNL na CNDD-FDD nibo ahanini bayagarwako mu gihugu c’Uburundi.

Mu myiyamamaxzo, benshi baratangaye babonye uko Rwasa Agathon afise abanywanyi isinzi ukuraho, naho abandi bavuga ko atabarusha Samuragwa.

Icitonderwa nuko naho iyo myiyayamamazo ibandanya, akaga k’ikiza ca Coronavirus karacahari mu gihugu c’Uburundi.

Ubu abamaze kwandura umugera wa Corona mu gihugu c’Uburundi bakaba bageze kuri 15 mu gihe hamaze gupfa umwe  mu bamaze kurwara.

Uravye ukuntu ukutubahiriza ingingo zo kwikikingira uwo mugera mu myiyamamazo iriko iraba hirya no hino mu gihugu, abantu usanga bahekanye cane kurusha maze benshi bakibaza ko hazohava haba ivyo guhananahana uwo mugera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments