UBM News ads

Igihugu ca Tanzaniya kigiye gutumako umuti wa coronavirus uva muri Madagascar

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bikaba vyavuzwe na John Pombe Magufuri, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya kur’uyu wa mungu. Magufuri akaba yavuze ko azotuma mu Magadascar indege yo kuzana uwo muti. Igihugu kibanyi na Madagascar bita les Comores naco nyene camenyesheje ko gishaka uwo muti. Umukuru w’igihugu ca Madagascar, Andry Rajoelina, akaba yaraganiriye na mugenzi we wa Comores Azali Asoumani, uwo nawe akaba yamumenyesheje ko akeneye uyo muti.

epa05612607 Visiting Tanzanian President John Magufuli (C) delivers his speech during the official commissioning ceremony of the Nairobi Southern Bypass road in Nairobi, Kenya, 01 November 2016. President Magufuli concluded his two-day State visit by joining President Uhuru Kenyatta in launching the 28.6km key road which is said will help decongest the Kenyan city. EPA/DANIEL IRUNGU

Igihugu ca Guinée-Bissau naco kikaba caguze amacupa angana 11 500 yuwo muti bise Covid-Organics. Ibihugu vya Congo Brazaville, Guinée Equatoriale navyo nyene bikaba vyaramenyesheje ko bikeneye uyo muti. Ibihugu 15 vyo muri Afrika y’uburengerazuba bikaba navyo bimaze gutumako uwo muti wakozwe n’abashakashatsi bo mu gihugu ca Madagascar.

Mwomenya ko ko uyo muti ukozwe mu giterwa citwa Artemisia gihora gikoreshwa mukurwanya ingwara ya malaria. No m’Uburundi kikaba kimaze gukwiragwizaho mu kurwanya malaria. Ariko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’amagara y’abantu OMS rikaba ritemera uwo muti kuko ngo ntacemeza nakimwe cerekana ko uwo muti uvura ingwara ya coronavirus. Ariko abanyafrika bobo bakabifata nko kutemera imiti ivuye muri Afrika. Iyo ngwara ya coronavirus ikaba imaze guhitana abantu bababa ibihumbi 200 kw’isi mu kiringo camezi atatu gusa cane cane mu bihugu vya buraya na Amerika.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments