Amakuru dukesha ibinyamakuru vuo mu Buganda nka Daily Monitor na The Observer amenyesha ko abarundi babiri banduye umugera wa Coronavirus.
Abo barundi nk’uko ivyo binyamakuru bibishira ahabona bakaba bashizwe ukwa bonyene mu bitaro vya Masaka mu gihugu c’Ubuganda.
Umwe muri abo Barundi barwaye uwo ugera ni umugabo w’imyaka 46 yari yagiye mu gihugu c’Ubuganda ahunga ava mu Burundi maze hama afata urugendo aja i Tanzania i Dar Es Salaam.

Maze mu kuva muri Tanzania niko uwo murundi w’myaka 46 yaca afatwa n’igipolisi c’Ubuganda maze arapimwa asangwa afise umugerwa wa COVID-19.
Bigaca biboneka ko uwo murundi wa 46 yanduriye uwo mugera mu gihugu ca Tanzania na cane cane ko ico gihugu arico gisigaye gifise abarwaye COVID-19 beshi muri EAC.
Uwundi murundi hamwe n’umuganda bakaba baciye batorwa uwo mugera kubera babonanye nuyo murundi w’imyaka 46 yaje ava mu gihugu ca Tanzania nk’uko amakuru ashirwa ahabona.





Recent Comments