Muri kuno kwezi kwa kane abakera bise Ndamukiza haba hari imvura nyinshi bise urushana. Iyo mvura ikaba ari nyinshi mu mihingo yose y’Uburundi. Ikiyaga Tnaganyika kikaba carasheshe kuko cakira amazi y’inzuzi zose ziva m’Uburundi, na Congo Iharanira Demokarasi, zambia n’ibindi bihugu.

Abubatse ku nkengera zico kiyaga mu gisagara ca Bujumbura bakaba bajumarariwe kuko henshi hadengera amazi yico kiyaga. Iyo mvura ikaba kandi yabomoye amazu adakomeye muri zone Gatumba aho haciye hibonekeza impunzi zivuye kurayo mazi y’imvura yakwiye mu mabarabara. Hakurya Ibuvira mu gihugu ca Congo hoho abantu bashika 300 bakaba baritavye Imana mw’ibomagurika ry’amazu inyuma y’imvura yaguye mw’ijoro ryo ku wagatanu kuva isaha zitanu zijoro gushika isaha 12 z’agatondo.
Eka n’amabarabara ntiyohewe ibarabara rya RNI rikaba ririko rirabomoka igice cayo gica muri komine Isare. Ibaraba rya RN7 naryonyene rikaba ryaramanyutse igice cayo rica aho bita Kwa Ruhara. Ubushikiranganji bujejwe inyubakwa za Leta bukaba bwamenyesheje ko bugiye gusubiramwo ayo mabarabara nariryo ariyo azoca abariko bariyamamaza muraya matora azoba itariki 20 Rusama 2020, imyiyamamazo nayo ikazotangura itariki 27 ndamukiza 2020.






Recent Comments